Hanga Ryera ry’Imana aho mushagaje hose kw’isi, Mwitegure mutekere impamba twambukire i Burundi. Imyaka twateramiye isezerano ni myinshi, bamwe Bararushe, barabiheba, barabivamwo bab’abiyorobetsi. Mwitandukanye n’amacakubiri y’amoko n’imiryango, Muzibukire gutambikiza mu madini n’amashengero, Muhunge ivyiyumviro vy’imigambge n’imihari, Harageze ni mwezwe twambukire mu masezerano. Ihanga ryera ry’Imana twatoranirijwe Kuzigama ukuri kwose kw’ijambo ry’Uhoraho, Gutegura umugeni wa Kristo Yesu, Kurongorwa na Mpwemu Yera, No gushikane abera ku masezerano y’igihugu n’ihanga. Haleluya-ameeeeen! Hanga Ryera ry’Imana, igihe ng’iki kirageze Twinjire gutegura Uburundi bgacu bg’isezerano Nta macakubiri y’amoko n’imirayango bizobayo, Nta rwanko rw’imigambge n’imihari bizoharangwa, Nta madini n’amashengero ayovya abantu azobayo, Nta nzara, ubukene n’akarenganyo tuzokwemera, Kuko Uburundi ari igihugu catoranijwe n’Imana, Tuzohagararira ukuri kwose, ihanga rihangame hose. Ihanga ryera ry’Imana twatoranirijwe Kuzigama ukuri kwose kw’ijambo ry’Uhoraho, Gutegura umugeni wa Kristo Yesu, Kurongorwa na Mpwemu Yera, No gushikane abera ku masezerano y’igihugu n’ihanga. Haleluya-ameeeeen!