IMPAMBA

IMPAMBA

Created by: [email protected]
GOSPELSLOWTRUMPETCHOIRELECTRIC GUITARcalmrelaxingmale voice

Music Images

Lyrics / Prompt

Hanga Ryera ry’Imana aho mushagaje hose kw’isi,
Mwitegure mutekere impamba twambukire i Burundi.
Imyaka twateramiye isezerano ni myinshi, bamwe 
Bararushe, barabiheba, barabivamwo bab’abiyorobetsi.
Mwitandukanye n’amacakubiri y’amoko n’imiryango,
Muzibukire gutambikiza mu madini n’amashengero,
Muhunge ivyiyumviro vy’imigambge n’imihari,
Harageze ni mwezwe twambukire mu masezerano.
Ihanga ryera ry’Imana twatoranirijwe 
Kuzigama ukuri kwose kw’ijambo ry’Uhoraho, 
Gutegura umugeni wa Kristo Yesu, 
Kurongorwa na Mpwemu Yera, 
No gushikane abera ku masezerano y’igihugu n’ihanga. 
Haleluya-ameeeeen!
Hanga Ryera ry’Imana, igihe ng’iki kirageze
Twinjire gutegura Uburundi bgacu bg’isezerano
Nta macakubiri y’amoko n’imirayango bizobayo,
Nta rwanko rw’imigambge n’imihari bizoharangwa,
Nta madini n’amashengero ayovya abantu azobayo,
Nta nzara, ubukene n’akarenganyo tuzokwemera,
Kuko Uburundi ari igihugu catoranijwe n’Imana,
Tuzohagararira ukuri kwose, ihanga rihangame hose.
Ihanga ryera ry’Imana twatoranirijwe 
Kuzigama ukuri kwose kw’ijambo ry’Uhoraho, 
Gutegura umugeni wa Kristo Yesu, 
Kurongorwa na Mpwemu Yera, 
No gushikane abera ku masezerano y’igihugu n’ihanga. 
Haleluya-ameeeeen!

Comments